MUCO MEDIA

MUCO MEDIA

Share

God is King Dom

07/05/2026

Bujumbura ville ibintu vyifashe neza

06/05/2026
06/05/2026

Umukuru w'igihugu Evariste NDAYISHIMIYE aratera ivyatsi ibitero ku banyagihugu basanzwe bikorwa na Iran mu gihugu ca UAE.

Ivyo biri mu butumwa umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE yacishije k'urubuga X kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 05 Rusama 2026, aho amenyesha ko ivyo bitero bikorwa ku banyagihugu basanzwe hamwe n'inyubako mu gihugu ca Reta zunzubumwe z'abarabu (UAE), atacizere bitanga ku mahoro yari yitezwe inyuma y'agahengwe kari kumvikanyweko n'impande zihanganye.

Akaba yarangije amenyesha ko ateye ivyatsi ivyo bitero kuko bihonyanga amategeko mpuzamakungu akingira agateka ka zinamuntu, agasaba impande zihanganye kwubahiriza agahengwe katanzwe.

Photos from MUCO MEDIA's post 06/05/2026

Sebarundi neva

Photos from MUCO MEDIA's post 06/05/2026

Umukuru wigihugu cuburundi evariste ndayishimiye muruzinguko rwiwe

Photos from MUCO MEDIA's post 06/05/2026

Uruzinduko rwa se barundi

05/05/2026

ntahandi uzobisanga Atari muburundi amaboko heju

05/05/2026

Akaranga kuburundi nakambere

04/05/2026

🚨🇿🇦💔🇮🇹 Inyuma ya Tanzania ifatira ibihano Afrika y'Epfo vyo kwirukana abanya Afrika y'Epfo baba muri Tanzania no guhagarika ibikorwa vy'ubudandaji bakorana, Nigeria nayo ngo yafashe ingingo ziremereye.🙆🏾‍♂️

✍🏾 🤵🏽‍♂️ Umukuru w’igihugu ca Nigeria, Bola Ahmed Tinubu bivurwa ko yafashe ingingo ikomeye cane yo guca ahagarika imigenderanire yose n’igihugu ca Afrika y'Epfo.

😡 Ibi yabikoze abitewe n’ishavu n’agahinda aterwa n’ibikorwa vy’urwanko bita xénophobie ( Ivangura ), bimaze igihe bibera muri Afrika y’Epfo. Aho usanga abanyamahanga cane cane Abanyafrika bava mu bindi bihugu harimwo Abanya Nigeria, bakubitwa, bagatotezwa, bamwe mbere bagirirwa nabi canke bakabohwa ngo basubire iwabo.

🗣️ Prezida Tinubu yavuze ati:
“Ntituzokwihanganira kubona bene wacu bahohoterwa mu kindi gihugu c’Afrika.”

📜 Ni ho yafatiye izo ngingo zikomeye:

📌 Gutegeka ko Abanyafrika y’Epfo bose bari muri Nigeria batahuka, baba abemewe n’amategeko canke abatavyemerewe.

📌 Guhagarika imigenderanire ya dipolomasi hagati y’ibi bihugu vyompi.

📌 No guhagarika ugutanga gaz kuri Afrika y’Epfo.

👆 Izi ngingo zirerekana ko Nigeria ishaka kwerekana ko itazokwemera agasuzuguro n’ihohoterwa rikorerwa Abanyafrika, kandi ko ishobora gufata ingingo zikomeye mu kurengera inyungu z'abanyagihugu bayo.

Ariko kandi, ishobora guteza intambara y’ivy’ubutunzi n’ivy’imigenderanire hagati y’ibi bihugu bibiri bikomeye muri Afrika.

🤌🏾 Mu majambo make ni nk’aho Nigeria ivuze iti: “Birahagije! Ntidushobora kuguma turorera ihohoterwa ry’abacu.”

😡 Ibi bihugu biriko bishavuzwa n'uko navyo vyigeze gutanga ubuhungiro kubanya Afrika y'Epfo igihe bari mu ntambara ikomeye bakanangazwa kubera ivangura rishingiye kur ukoba ndetse bakanafasha n'iki gihugu kwongera kwiyubaka.

🌍 Si Tanzania na Nigeria gusa biriko bifata ingingo nk'izi hari n'ibindi bihugu bifiseyo abenegihugu bavyo biriko birafata ingingo nk'izi.

Want your business to be the top-listed Government Service in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Website

Address

Bujumbura