Evariste Ndayishimiye ururudandazwa gwabantu ntimworaba mukaruhagarika ntimubona amarira muriguteza abobakenyezi n'inkumi mwama mubata murudubi ngomubarungitse gukora ubuzi nkaho menga hano mugihugu ntabuzi buhari bokora ?
Uru nurudandazwa rwabantu murigukora kunyungu zanyu kuburyo mwanahisemwo gushing nivyitwa amashirahamwe bacamwo kugira bagere murubwobucakara!
Ninde azohagarika ububujagari burimugihugu konabitwako bobugwanije aribo babukora
Jendre Mukwabu
đŁđźđđżđ¶đŒđ đ§đźâ
14/06/2026
Evariste Ndayishimiye nkeneye muze mwicarane hamwe na perezida mugenzawe Ndikuriyo Réverien mutubwire ico imbonerakure zimaze hano mugihugu.
Mbe komenga mubikorwa mwasize imbere icokugqiza umbonerakure kiza imbere, ubwo nizo mwitezeko yamigambi mqise imbono ya 2040 ???
Abetegetsi benshi bitwako barimundongozi z'Igihugu namwe murimwo, mubikorwa bibaranga n'umuzungu Rugereka ntavyo yigeze akora .
Hokutujana muvyotuteza imbere hama bigateza imbere n'Igihugu, mwe muguma mujana urwaruka rurikwaruka mubitagira umumaro .
Abarundi bamwe bamwe murakwiye guca akenge mukanure mubone ivyo abomubamwitwa ko babarongoye barimwo gukora.
Harumwana wa Variste murabona mumpuzu zumugambwe? harumwana wa Piyeri Nkurunziza mwigeze kubona mumunzu zumugambwe?
Harumwana wa Réverien Ndikuriyo murabona muri defile z'umugambwe yitwako arongoye?
Nikuki abana bamurundi bajanwa mubitazigera bibagirira akamaro kandi ababajanayo nabo ababo baba bibereye mumashure ?
Uburundi bwarguye mwisanganya
Evariste Ndayishimiye mugihugu umushingamateka anyuruzwa kumurango izuba riva mukaguma mwihoreye, Igihugu umushikiranganji anyuruzwa hama agatogwa ikiziga kalaba akamiranywe n'ingima ; ubwo Icogihugu hogira agahore kazananye he?
Maze kwumviriza ivyabovantu haba munyandiko canke ivyoniyumviye kugeza mbonye iyireresi, nasanze Abarundi n'Uburundi bamwe bataratahura ukobokwigenza bivanye nabo twokwita ko aribo barongoye Igihugu.
Ubu hano mugihugu haradutse ubujagari butandukanye kandi murubwobujagari, harimwo akabantu bakoresha za Facebook bo biyitako ari aba poromota (promoteur) mbere bamwe murabo maze kubibonera bari mubikorwa vy'umugambwe ahobavuga ko baba bari guporomota ivyiyomigambwe yanyu yataye Igihugu mukaga.
Ubu rero ahobigeze ndikobona bigeze kurugero gwaho ejo canke hiryayejo abose rimwe batangura gupfa icokintu citwa ngo "jewe nd'umu Promoteur" wibi na biriya.
Akarorero kahafi igituma mwebge muvugako arimwe muringoye Igihugu nabazanye muribi ndikuvuga ni akamuntu yiyita sinzi kwarikoyitwa ariko icogihe numvise avuga ko ari Simbizi Wa Semavumba igihe Réverien Ndikuriyo yariko agirisha ikiganiro , uyo semavumba yarabajije akabazo Réverien kuvyerekeye ivyo we yise akazi ka promoteur yokwamamaza ivyo umugambwe Ndikuriyo arongoye kobaribakwiye kuza barabahemba ....!
Icokibazo mukucishura Ndikuriyo ntanyishu itimoye yahaye semavumva ariko uko bibineka ubu uyo semavumba uwahoze ari umunywanyi wa Uprona nkumbure ngira nicogihe yari Promoteur wa Prona, ubu wokwibaza kwakora muri Présidence kuko ahanini umusanga aharangwa Angelina Ndayishimiye.
Ako ni akajagari mugihugu gaterwa nabitwa ko ari indongozi.
Ayamango urwaruka rwinshi urusanga kumbuga nkoranta mbaga bamwe biyita ngo ni aba promota avandi bakakubwirako baba bariko baca amafaranga kurizombuga hogukora ibikorwa vyobatezimbera bikazoteza imbere n'Igihugu;bahitamwo kwiyiririrwa kuma Facebook na za tik tok bo niho baba bizeye umwimbu.
Ibi ndabivuze mbikuye kuriyoreresi mubona nasize aho yowonumvise yitwa Kerry na Moza. Uwoyitwa Mo,a afise iduka yamaterefone harya muri Ville bivugwa ko yoba yarahaye ikiraka cuko yomwamamariza iryoduka ryiwe maze Kerry nawe yoba yarabikoze ariko hageze ko ahembwa, birikuvugwa ko yoba yahembwe amahiri nikwakwa itumanaho yiwe.
Biravugwako nimuri BSR vyash*tseyo ariko nkuko bizwi hano mugihugu atabutungane bwigenga buhari, ntacakozwe kugira batunganirize abo kuko iyo ubutungane buzakuba bwigenga, ntakajagari nkako kaba karangwa hano mugihugu.
Uburundi bwaraguye mwisanganya Za kamenge news
12/06/2026
Burundi : ubukene bwâibidandazwa, guhunga igihugu kwâabakozi bâinararibonye, gupfungwa bidaciye mu mategeko⊠abepisikopi ba katolika bashikirije icegeranyo gikomeye cerekana ibibazo vyugarije igihugu
RADIO TV BUNTU
Bujumbura, 10 ruheshi 2026 â Mu nama yabo isanzwe yabereye i Bujumbura kuva kwâitariki ya 1 gushika ku rya 5 ruheshi, abepisikopi katolika bâUburundi barashikirije ishusho iteye amakenga yâukuntu igihugu cifashe mu vyâubutunzi, imibano nâinzego za Leta. Naho bemera ko muri rusangi amahoro nâumutekano bihari, bavuga ko ubuzima bwâabanyagihugu buriko burarushiriza kuba bubi, bitewe nâubukene bwâibidandazwa nâibikoresho nkenerwa, guhunga igihugu kwâincabwenge n'abahinga, hamwe n'ihonyangwa ry'uburenganzira shimikiro. Iyo tangazo ryashizwe ahabona ku wa kabiri, igenekerezo rya 9 ruheshi.
Muri urwo rwandiko, inama nkuru yâabepisikopi katolika bâUburundi (CECAB), irongowe na Musenyeri Joachim Ntahondereye, umwepiskopi wa Diyoseze ya Muyinga, yarerekanye amakenga akomeye ku bijanye nâukuntu ubuzima bwa misi yose bwâAbarundi buriko burarushiriza kuzimba.
Ingorane zibandanya zunyuna
Abepisikopi bavuga ko hakiriho ubukene bwâibintu bikora ku nzego nyinshi zikomakomeye. Ibitoro biracagoye kuboneka, kandi imiti irabura mu bitaro nâamavuriro mato mato meshi. Vyongeye, hari nâubukene bwâibindi bidandazwa vya nkenerwa, ivyo bikaba biriko birarushiriza kuremerera imiryango myinshi.
Nkâuko babivuga, iduga ridahagarara ryâibiciro ryâibintu ntirijana nâukwiyongera kwâimishahara canke amafaranga yinjizwa nâabanyagihugu, bigatuma benshi badashobora kwironsa ivyo bakeneye mu buzima bwa misi yose.
Uburimyi, amabarabara nâubutunzi mu ngorane
Abo bihebeye Imana barerekanye kandi ingorane ziri mu gisata câuburimyi. Umwimbu wâigihe c'impeshi giheruka ntiwagenze nkâuko vyari vyitezwe, cane cane kubera ifumbire yatanzwe itevye hamwe nâimvura itaguye neza.
CECAB iranegura kandi ukwononekara kwâamabarabara. Ivyo, bifatanije nâubukene bwâibitoro, bituma uruja nâuruza rwâabantu nâibidandazwa rugorana cane, bigahungabanya ibikorwa vyâubutunzi.
Abafise ubumenyi bariko barata igihugu
Ayandi makenga akomeye: umurindi munini w'abari bafise inguvu bariko barata igihugu. kwâabahitamwo kuva mu Burundi baja kurondera ubuzima bwiza ahandi. Abaganga, abigisha, urwaruka rwize nâabakozi ba Leta benshi bariko barata igihugu.
Ku bwâabepisikopi, ukwo guhunga kwâabafise ubumenyi nâubuhinga gushira mu kaga ibisata vyâiterambere kandi kugatuma inzego za Leta zigoyagoya.
Ubwigenge, igitsure ca poritike nâimibano
Iryo tangazo, ryerekana kana kandi ibikorwa bamwe bamwe babona ko biteye amakenga. Abepisikopi baranegura ibikorwa vya Leta canke vyâintwaro bitunganywa ku misi yâamasengesho yo kuw'Imana, bikabuza abakristu kuja mu misa y'uw'Imana.
Baranagaruka ku ntererano bavuga ko zisabwa canke zigategekwa abanyagihugu kugira zifashe imigambwe, mbere harimwo nâabatari abanywanyi bayo. Ku bwabo, ivyo bituma hibazwa nimba ihame ryâukwubahiriza ubwisanzure bw'imigambwe myinshi bwoba bwubahirizwa nkâuko ritegekanijwe nâibwirizwa shingiro.
Umutekano nâubutungane birateye amakenga
Mu vyâumutekano, CECAB ivuga ko ihagaritswe umutima nâibiziga bibandanya gutorwa mu bice bitandukanye vyâigihugu ata bantu bafatwa canke ngo hamenyekane ababigizemwo uruhara.
Abepisikopi bananegura kandi ikibazo câabantu bagumizwa mwâibohero naho ubutungane bwoba bwarabejeje canke barangije ibihano vyabo. Bavuga ko ivyo vyerekana ko ubutegetsi butagendera ku mategeko.
Amatati yasubiriye kwaduka hagati ya Ekleziya na Leta
Kenshi ivyashikirijwe nâabepisikopi bâUburundi vyagiye bitera impari muri poritike. Muri nyakanga 2019, W***y Nyamitwe, ico gihe yari ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vyâumukuru wâigihugu ku butegetsi bwa Pierre Nkurunziza, yaraneguye cane bamwe mu bepisikopi katolika.
Mu butumwa yashize ku rubuga X, yavuze ati: « Hari abepisikopi bamwe bakwiye gukurwa mw'ibanga ryâubwepiskopi kuko vyabaye akamenyero: uko amatora yegereza, baca basuka urwanko biciye mu butumwa bwo guturira. Mbega ntibisanzwe bizwi kandi ko atari bo karorero k'ubweranda? »
Ayo majambo yaciye avyura impari nyinshi mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike no mu bakurikirana ibibera mu Burundi, babona ko agaragaza ukutumvikana kwama kuboneka hagati ya Ekleziya Gatolika nâabategetsi bamwe bamwe.
Akamo ko gutegeka neza igihugu
Kuri izo ngorane zose, abepisikopi katolika bahamagarira inzego za Leta, abanyeporitike nâabacamanza gufata ingingo zihuta zo guteza imbere imibereho yâabanyagihugu no kwubahiriza uburenganzira bwabo.
Ku bwa CECAB, iterambere ryâUburundi rishimikiye ku ntwaro ibereye, ukwubahiriza umwidegemvyo, ubutungane no gukorera ineza rusangi.
Birahanwa ahandi biremewe.
Gufata amasanamu murububuryo kumuntu murikuyaga mudashwana utabimusavye ivyo kiba aricaha kibi cane mbere je ndabifata nkubuhemu.
Gufata amasanamu canke amavideo mugihe muri mumishamirono, nkimishwano, kutumvikana kukintu kanaka... ivyo bibagombwa kowokora ibishoboka nkicabona (icemezo) kubiba birikubera ngaho.
Ntampamvu nimwe uyomukecuru yarafise yogufata amashusho abobapolice kuko numvirije mubiyago vyabo barimwo, ntakintu kibi cariko kiraba hagati yabo nuyomukecuru.
Ivyo birahanwa canke bidaganywe ugasanga habaye ukwihanira.
11/06/2026
Pacifique Nininahazwe wibutse imbonerakure zirara zirakizura police yiryamiye ko, izo ari zinwe mumbonerakure zakoreshejwe amabi munyuma nazo ziza kurungikwa muri mission yanyuma hariya muri Congo.
Kuboba batabibuka ni Imbonerakure Olivier Ndagijimana na Ibrahim Bizimana batazira Mafyeri zomumaramvya. Izimbonerakure niyo zihejeje kugandagura ununtu ntizatibya guca zi sensibiliza ivyozakoze mumarezo social kuko ivyozakora zari zishigikiwe nabamwe mubihangange vya semudede harimwo n'iperereza.
Joseph Mathias Niyonzima batazira Kazungu na Innocent Muselem abo nibo bari abakoresha babo . ariko harageze igihe barabonako amabi izombonerakure zimaze gukora ko umusi umwe zogwa mutungane bwigenga apana ubwubu bugenzugwa nanyabasemudede, ko zizohava zibaraguza zigasiga ahabona basebuja bakaba barambaye ibara.
Ndabibutseko Mafyeri na Olivier nubwo bamwe boba bibazako bagifatirwa muri Congo koboba baciye bajanwa mwibohero rikuru ico n'ikinyoma cambaye ubusa mission kwari kurungika abo muri Congo hama bakifatanya n'abandi babakongomani arinabo bafatanywe murubwobusuma ariko izombonerakure nizo zaronderwa ahanini.
Mafyeri na Olivier haciye imisi barasohowe ibohero baja kugandagugwa.
06/06/2026
Bwana Pacifique Nininahazwe bwira abarundi ukuri kuvyerekeye iyobaruwa (ikete) ntabwo ari irya Eduard Bizimana ahubwo uyo Eduard yabaye nkumuhora wa Leo na ONAMOB kugira bashikire uwobashaka gushikiriza ubutumwa . Nkumbure usanga muvyo bamutumye ajaguserukira hiyo harivyo yakoze atakoze nkuko babimutumye.
Menya Neza Uburundi kugeza ubu , burongowe n'akagwi kabantu bakora ibibajemwo vyerekeza kunyungu zabo gusa. Abo wihenze ugakora ivyobatagutumye aho baba bagukaravye kuko ninabo bafuse uburenganzira beikugena abandi mumabanga ahambaye.
Je sindiyambwa itukura .
06/06/2026
Bujumbura â Uvira : ifatwa ryâAbenyekongo riteye amakenga
BURUNDI BWACU
Bujumbura / Uvira, 3 ruheshi 2026 â Muri aya mezi, abenegihugu benshi baturuka muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (RDC) barafatiwe mu gisagara ca Uvira, muri Sud-Kivu, no mu gisagara ca Bujumbura, umurwa mukuru wâubutunzi wâUburundi uri ku birometero bike gusa uvuye i Uvira, hanyuma barungikirwa i Kinshasa. Abandi na bo barahunze ako karere baja kwinyegeza muri Tanzania, Uganda canke i Bukavu, kubw'amasoko atadukanye.
Abo bantu bafashwe ni abagirizwa kuba barashikirije ivyiyumviro vyabo binegura uko umutekano wifashe mu buseruko bwa RDC canke kuba barasohoye ivyegeranyo nâisesengura bijanye nâintwaro ibereye hamwe nâibikorwa vya gisirikare muri ako karere.
Mu bantu bavugwa bahagaritswe harimwo Alexis Ngwega, azwi nkâumuhinga mu gusesengura ivya politike, yafatiwe i Bujumbura imbere yo kurungikwa i Kinshasa. Ku ruhande rwiwe, Ir. Jean-Pierre Zembezembe, azwi cane ku biganiro akorera ku maradiyo menshi yo muri Uvira, yafatiwe muri Beni mu ntara ya Nord-Kivu, mu buseruko bwa RDC, aho yari yagiye kurondera ukwo yoronka Passport.
Me Muzingwa, azwi nk'uwuharanira agateka ka zina muntu, na we yarafatiwe i Uvira imbere yo kurungikirwa i Kinshasa, hanyuma ararekurwa nkâuko amakuru abivuga.
Hari nâabandi bantu bazwi bo muri ako karere bavugwa muri ivyo bibazo, harimwo MaĂźtre Mega wo muri Uvira hamwe nâuwukora ivyo gutwenza yitwa Kiroka, azwi kubera ivyo yama ashikiriza anegura bamwe mu bategetsi bo mu karere hamwe nâabari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike.
Vyongeye, umukozi mu bikorwa vyâubugiraneza Babunga Benjamin Watuna yarafatiwe i Bujumbura ku wa 26 rusama 2026 nâabakozi bâiperereza ryâUburundi, nkâuko amasoko mu nzego zâumutekano yabibwiye SOS MĂ©dias Burundi.
Kuva muri ruhuhuma, Abanyekongo benshi barafatiwe i Uvira n' i Bujumbura. Bamwe bagirizwa gukorana nâumugwi AFC/M23. Amwe mu mashirahamwe anegura ukwo guhagarikwa, akavuga ko hari abafatwa bazira ivyiyumviro vyabo canke ivyo bashikiriza ku mugaragaro.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ahamagarira inzego zibijejwe kwubahiriza ubwigenge shimikiro, harimwo uburenganzira bwo gushikiriza ikiri ku mutima, urubanza rudahengamye, no kuraba neza ko ivyo bagirizwa vyose bishimikiye ku vyagiriji bifitaniye isano n'ubutungane.
Igihe iyi nkuru yashirwa ahabona, inzego zibijejwe ntizari bwagire ico zishikirije kuri izo dosiye zose.
Abo bantu bariko bafatwa mu gihe hari ugukomeza ugufashanya mu vyâumutekano hagati ya RDC nâUburundi. Nkâuko amasoko mu nzego zâumutekano za Congo abivuga, abantu benshi bakekwa kuba bafitaniye isano nâumuhari wa M23 canke gukorana nâu Rwanda baramaze gufatirwa mu Burundi nâinzego zâigendereza, mu nyuma bagashikirizwa ubutegetsi bwa Congo. Bamwe muri bo barungitswe mu mabohero atandukanye y'i Kinshasa muri urwo bufatanye hagati yâivyo bihugu.
Intambara yo mu karere ibandanya
Kuva muri myandagaro 2022, abasirikare bâAbarundi ibihumbi nâibihumbi bararungitswe mu buseruko bwa RDC gufashanya nâigisirikare ca RDC (FARDC) hamwe nâiyindi mirwi bafashanya mu bikorwa vyo kurwanya M23.
Uwo muhari wâabarwanyi wongeye gukora kuva mu mpera za 2021, kandi ugenzura ibice vyinshi bikomeye muri Nord-Kivu na Sud-Kivu. Ubu usigaye ufatanya nâihuriro Alliance Fleuve Congo (AFC) rirongowe na Corneille Nangaa, yahoze arongoye umurwi wigenga ujejwe amatora muri RDC (CENI).
Kinshasa ibandanya yagiriza u Rwanda gufasha M23, mu gihe Kigali ihakana ivyo yagirizwa, ikavuga ahubwo ko RDC nâUburundi bifasha FDLR, umurwi wâAbahutu bâAbanyarwanda bamwe muri bo bagirizwa kugira uruhara muri jenoside yakorewe Abatutsi mu 1994.
Naho impande zose zibihakana, raporo zitandukanye zâabahinga bâIshirahamwe Mpuzamakungu ONU zivuga ko hari abasirikare bâu Rwanda bari kumwe nâabarwanyi ba M23 mu buseruko bwa Congo.
Inyuma yâaho M23 iviriye mu gisagara ca Uvira muri nzero guheze, hanyuma ikava no mu bibanza bitandukanye vyâikiyaya ca Rusizi, igisirikare câUburundi carongeye kurungika abasirikare muri Sud-Kivu baciye ku kiyaga Tanganyika.
Intambara iracabandanya gutuma abantu benshi bava mu vyabo bahungira mu bihugu bibanyi canke mu bibanza biboneka ko bifise umutekano, naho hari utwigoro twinshi twa dipolomasi dufise intumbero yo kugarukana amahoro nâumutekano mu karere kâIbiyaga Binini.
04/06/2026
Reka ndakwunganire muntu wagize icuvuga ugakoresha iyifoto.
Ubundibwo ivyowayivuzeko nivyo ariko ico nsanze utaramenya nigutandukanya ivyikigihugu uko biba bimeze.
Tandukanya Police National du Burundi na Cinjire ya ya Pierre Nkurikiye.
Aba bana bacinjire bazanwa muvyo batazi kuko bamwe muribo iconzi nuko bakugwa mumbonerakure zimwe zirara zirakizura. Niko kwuko gufata umuntu nkuyo ukacuja kumuzeza amabanga y'Igihugu biramugora gukora ivyozanira inyungu kugihugu kuko evaluation yiwe ntabwo ariyivyunguka ahubwo niyokwirukanga kubo batavugarumwe .
Mbe woba wibuka uwuheruka kurasa umuntu amuhora ko yase kumusimya kugwagwa ?
Nuko nuko nyamiyabaga ya semudede ibiteye kuko ninako baba baraforomwe imbere yokeinjizwa mwivyo twita ngo ni Police d Bdi.
31/05/2026
Uyumwana reka tuvuge ko yakuriye muri Australia. Ariko ageze hano muburundi nuko atamenye ngo canke amenyeshwe system yaba semudede uko imeze.
Ntibwakeye kabiri yisanze murivyobintu bigiye kumuhitana.
Abo iyobagukoresheje bakabonako ivyobagukoresheje bihagije kuribo, baca bakwica kuko ntibasha ko uzoza kubaraeaza. Iryo niryo ragi Pierre Nkurunziza yabasigiye iyoyinyegereye mumahanga.
Klicken Sie hier, um Ihren Gesponserten Eintrag zu erhalten.
Lage
Webseite
Adresse
Berlin
